ivyerekeye iyi ndirimbo
20ème Dimanche du TO année A 6ème Dimanche du TP année C
AMAZABURI
Amajambo y'indirimbo
Intara nizere y'uko uri Imana : Zabuli 66 (67): 2-3, 5, 6, 8
R/ Intara nizemere y'uko uri Imana (nizivyemere) nizivyemere zose hamwe
1. Imana nitugirire ikigongwe/ iduhezagire!
Nitamanzure umuco w'amaso yayo kuri twebwe
Kugira ngo inzira yawe imenyekane (kw'isi) mu makungu yose
urukiza rwawe narwo rumenyekane mu makungu yose.
2. Amakungu nanezerwe, atere impundu
kuko acira abantu / urubanza rutunganye.
Utwara ibihugu mu butungane
ukagaba ibihugu biri kw'isi
3. Ibihugu nibigukengurukire Mana.
Ibihugu nibigukengurukire vyose hamwe,
Imana ni iduhezagire
kandi isi yose / iyo iva ikagera iyubahe
Ibitekerezo
Sangira uko iyi ndirimbo ifasha ishengero ryawe canke abaririmvyi.
Nta gitekerezo kirabaho. Ba uwambere gusangira.