Himbarwa nezerwa (ubugeni)

Yanditswe na IYANKUNZE Jean Claude (Perroquet)

AMAZABURI Ubugeni (Mariage) Ikirundi Inota za PDF Sep 14, 2026

ivyerekeye iyi ndirimbo

iyo uzoja tuzojana Imana yawe izoba iyanje

Amajambo y'indirimbo

Himbarwa nezerwa (ubugeni)

(Impundu, aaaa; iiiii, ooo ororowe iiii
R/ Himbarwa Muhimbare ushinze urwawe Nezerwa we Mutware wiwe 
1. Imana yawe izoba iyanje, Aho uzoja tuzojana, n'aho uzoba niho nzoba
2. Umufasha wawe azoba nk'icamwa kibogaboga icyamwa vyinshi, abana bawe bazoba nk'abaganwa bakikuje ameza yawe
3. Murabe amakara ntimube urubeya, muvyare muvyagize, Imana yabahuje muzokwame muyikenguruka kandi muyambaza
Finale: Mbega mukama nogishimira nte ku vyiza wama ungirira bitagira ingero? Nzogutambira, Ntambe, Nkuyage hose, ntambe niyereke, nigine Wewe wangabiye. Nta rindi shimwe noronka atari kuguhaya imyaka yose

Ibitekerezo

Sangira uko iyi ndirimbo ifasha ishengero ryawe canke abaririmvyi.

Nta gitekerezo kirabaho. Ba uwambere gusangira.