1. Mukama Mana Muremyi wacu, shimagizwa n'abantu bose nuninahazwe imyaka yose nukengurukwe n'abantu bose + R'
R' Nuhabwe impundu Mukama mwiza urabikwiye
Wewe waremye umuntu maze ukamushinga isi ngo ayigabe nushimagizwe imyaka yose nuhundwe impundu n'abo waremye + R' Nuhabwe impundu Mukama mwiza urabikwiye +R" Nuhabwe impundu +R
2. Wewe watanze umwana wawe akaza kutwihebera, nukengurukwe urabikwiye nuninahazwe imyaka yose + R'
We wadukunze tutabikwiye ukatugira abana bawe nuninahazwe urabikwiye ibihe vyose n'imyaka yose + R' + R" + R
3. Turakwituye twese ukwo turi utwakire Muhanyi mwiza; wakire abacu n'ivyacu, uduhezagire Mvyeyi yacu + R'
Ntaworeka kukwigina Mana, Ntawohengeshanya kurata ivyiza wama ukora Mvyeyi, Nutambirwe urabikwiye + R' + R" + R
4. Twivuga amazina dutamba twigina uwatugabiye , twikora mu gahogo twese tuninahaza Umuremyi wacu + R'
Amashi, ingoma be n'ikembe, umuduri n'umwironge, inanga hamwe n'idonongo bije hamwe tumuninahaze + R' + R" + R
5. Turagutuye ubuzima bwacu ubugabe ubugabze Mwami, ubukingire inabi yose, buguhimbare imisi yose + R'
Nuhezagire igihugu cacu, abaco hamwe n'ivyabo, uhezagire n'isi yose ikunogere Muremyi wacu + R' + R" + R
Ibitekerezo
Sangira uko iyi ndirimbo ifasha ishengero ryawe canke abaririmvyi.
Nta gitekerezo kirabaho. Ba uwambere gusangira.