ivyerekeye Indirimbo z'ekleziya katorika

Murahawe ikaze mwese kurubuga rwacu rw'Indirimbo z'Ekleziya katolika, urubuga rwiza rwo kuronka no gusabikanya ku ndirimbo z'umuryango w'Ekleziya katorika mu buryo bwa PDF kandi bworoshe. Icipfuzo cacu ni ugufasha abakirisu bose kuronka indirimbo ziri kuma nota bitagoranye kandi muburyo bworoshe bakoresheje ngendanwa yabo, gukomeza ukwemera no kwiyubaka biciye mu ndirimbo.

Catholic Songs

Turabizi ko umuziki mweranda ari ikintu gikomeye co kwiyubaka mu mutima no kwubaka umuryango w'Ekleziya. Urubuga rwacu rufise indirimbo zibihe vyose vy'umuryango w'Ekleziya zifasha abaririmbiramana mukuzikoresha mu Misa, no mu kwiyubaka bwite.

Indirimbo zose ziri kuri uru rubuga rwacu zirashobora kubikwa muri ngendanwa ku buntu mu buryo bwa PDF, bigatuma vyorohera , abanyamuziki mweranda, canke abigisha bindirimbo n'abakirisu bose muri rusangi bashobora kubika indirimbo zanditse neza kandi zisomeka muburyo bwizewe. Twiyemeje kubandanya dushirako indirimbo iyariyo yose y'umuziki mweranda (Katolika) kuva ubu no mugihe kizoza.

Ihangiro ryacu

Ihangiro ryacu ni ugutanga urubuga rwuzuye rw'indirimbo zo mubihe vyose bihimbazwa n'umuryango w'Ekleziya Katolika, indirimbo zikomeza ukwemera, kandi zishira umuryango w'Ekleziya hamwe. Irindi hangiro ryacu ni ugufasha abantu bose kugera ku ndirimbo z'umuryango w'Ekleziya aho baba bari hose kwisi bakoresheje ngendanwa zabo canke inyabwonko.

Biciye ku rubuga rwacu, turafise icizere co gukomeza umuziki w'indirimbo z'Ekleziya, kandi tugakomeza gushigikira indirimbo z'umuryango w'Ekleziya bigatuma zikomeza imitima y'abemera kwisi yose.

Intumbero yacu

Twihweje isi yose aho indirimbo z'ekleziya ziboneka kuri bose, zikomeza guhuza abantu n'Imana biciye mu muziki mweranda. Urubuga rwacu rukaba nk'ikiraro kije kuduhuza hagati y'ubutumwa bw'indirimbo z'umuryango w'Ekleziya n'ivyiyumviro b'abakirisu vyo gutera imbere mubweranda nakare uwuririmvye neza abasenze kabiri.

Twiyemeje kubandanya twongezako ndirimbo zose z'umuryango, kugira ngo imirwi yose y'abaririmbiramana bashobore kuronka indirimbo zubwoko bwose zishobora gukomeza ukwemera kw'abakirisu no kwiyubaka mu mutima ubwabo.

kubika ku buntu

Indirimbo zose ziri kuri uru rubuga rwacu zirashobora kubikwa muri ngendanwa canke muri nyabwonko ku buntu mu buryo bwa PDF. Turabona ko indirimbo z'umuryango w'Ekleziya ziba zikwiye kuronkwa n'abantu bose, n'ubwo baba badafise amafaranga canke bayafise.

Icitonderwa ugurura urubuga rwacu, rondera indirimbo ukeneye, kandi urashobora kazibika vuba muri ngendanwa canke nyabwonko kugira ngo uzikoreshe mu makoraniro y'abaririmbiramana, muntumbero yo kuririmbira Imana neza no mu kwiyubaka mumitima yacu bwite.

Umuryango wabemera bose wo kwisi

Urubuga rwacu rufasha Abakirisu bo kwisi yose. Rutanga ubwoko bw'indirimbo zose ziririmbwa mubihe bitandukanye muri Ekleziya katolika cane cane m'ururimi rw'ikirundi n'izindi ndimi. Dushimira umuryango w'abemera biciye mu muziki mweranda.

Raba Indirimbo

Gushigikira ukwemera

Umuziki mweranda ufise ubushobozi bwo gukomeza imitima no gukomeza ukwemera. Urubuga rwacu rwateguwe neza kugira ngo rufashe kwiyubaka mu mutima no gukomeza kwiyubaka mu makoraniro yose y'abaririmbiramana kw'isi yose.

Nimba urondera indirimbo z'Ekleziya canke indirimbo mpimbaza mana z'umuryango w'Ekleziya, uru rubuga ruje nk'inyishu kugufasha kuronka indirimbo mpimbaza mana z'umuryango w'Ekleziya.