Fungura PDF kuraba inota yose, canke soma amagambo y'indirimbo hepfo.
GUSANGIRA
Amajambo y'indirimbo
Ikaze ni rwawe Yezu
1. Kaze Mwami Yezu kaze se Muhanyi: Nusangw'ikaze Muhanyi
Kaze se Rukundo rwa Mana Data: "
Kaze wibanire n'abo wakunze: "
Kaze wisange mu bagukunda: "
R/ Kaze kaze: Ikaze n'iteka ni ivyawe, Impundu Mwami ni rwawe We biganza bigaba iganza, Gaba wiganze maze imitima yacu ikubere ikirimba gitagatifu Kristu: Nusangw'ikaze Muhanyi
2. Ni Wewe uruhura abarushe Yezu: Nusangw'ikaze Muhanyi
Ni Wew'ukiza abarwaye Mwami: "
Uti: ntimutinye kwegerara iwanje: "
Ingo uturonse ubwo buzima bwawe: "
3. Ni Wewe Mukate wavuye mw'ijuru: Nusangw'ikaze Muhanyi
Duhe twam'ivyamwa biranga abawe: "
Ivyamwa vy'ivyiza n'imbuto nziza: "
Nka ko ntahandi tworonka ivyiza: "
4. Yemwe bantu mwese mushonje nimuze: Nusangw'ikaze Muhanyi
Kandi namwe munyotewe nimuze: "
Mufungure kandi munywe muhage: "
Mwirornkere ubuzima budahera: "
5. Kaze Yezu mwiza Kigongwe ca Data: Nusangw'ikaze Muhanyi
Kaze Yezu mwiza kaze urisanze: "
Kaze se Rukundo twahawe na Data: "
Tunywanishe twese abakwihembuje: "
Ibitekerezo
Sangira uko iyi ndirimbo ifasha ishengero ryawe canke abaririmvyi.
Nta gitekerezo kirabaho. Ba uwambere gusangira.