ivyerekeye iyi ndirimbo
Idominika ya 2 umwaka c
AMAZABURI
Amajambo y'indirimbo
Ivyiza vy'Umukama: Zabuli 96: 1-2a; 2b-3; 7-8a; 9-10a, Idominika ya 2
R/ Nimumenyeshe mu bihugu vyose ivyiza vy'agatangaza Umukama yakoze
1. Nimuririrmbire Umukama ururirimbo rushasha bantu bo kw'isi yose / Nimuririmbire Umukama / Ni muririrmbire Umukama muhezagire izina ryiwe
2. Nimuyage urukiza rwiwe ukwo bukeye ukwo bwije / Nimuyage ubuninahazwa bwiwe mu makungu / Nimuyage ibitangaza vyiwe mu bihugu vyose
3. Nimuhezagire Umukama muryango y'ibihugu / Muhereze Umukama ubuninahazwa n'ububasha / Nimuhe Umukama ubuninahazwa bukwiye Izina ryiwe
4. Nimukubite inkoro hasi imbere y'Umukama n'umwakaka w'Ubweranda bwiwe / Nimuhinde agashitsi imbere yiwe bantu bo kw'isi yose / Ni muvuge mu makungu muti: Umukama ni We Mwami
Ibitekerezo
Sangira uko iyi ndirimbo ifasha ishengero ryawe canke abaririmvyi.
Nta gitekerezo kirabaho. Ba uwambere gusangira.