Fungura PDF kuraba inota yose, canke soma amagambo y'indirimbo hepfo.
INYINJIZO
Amajambo y'indirimbo
Kaze mu ngoro y'Umukama
1. Kaze twinjire mu ngoro y'Umukama n'akanyamuneza kamuje, tuninahaze Imana yacuremye, tuyiture itwizigamire
R/ Turengutse mu ngoro y'Imana ahari ivyiza bitagira ingero. Kaze ncuti twironkere ubuzima ubuzima bw'akatabonetse
2. Turarengutse mu ngoro yawe tukuninahaze Mana nzima, tunakenguruke ivyiza utugirira Mana yacu ninahazwa
3. Tuje kukwambaza twirata Urukundo rwawe n'Ikigongwe wama utugira. Turakuzamvye ngo utege abiri ibi bisabisho tugira duhereze
4. Rwes hamwe n'abatari ng'aha bose, abakuzi n'abirengagiza, turishikanye nk'ishikanwa rizima duhe tuguhimbare
Ibitekerezo
Sangira uko iyi ndirimbo ifasha ishengero ryawe canke abaririmvyi.
Nta gitekerezo kirabaho. Ba uwambere gusangira.