Ng'uyu Yezu aje iwacu

Yanditswe na IYANKUNZE Jean Claude (Perroquet), P. Declerecq

GUSANGIRA Igiteramo Ikirundi Inota za PDF Sep 14, 2026

ivyerekeye iyi ndirimbo

Iyi ndirimbo yahinyanyuwe n'umuhinga akomeye cane P Declerecq SSS, sinkwiye no kwegera ivyo yakoze ariko kuryosha haraho uvyisangamwo. Ngivyo rero ivyo twogize, ataco duhinduye ariko turyohoreye kubisanzwe kugira twongerereze akanovera. Twizere ko bibanyura

Amajambo y'indirimbo

Ng'uyu Yezu aje iwacu

1. Ng'uyu Yezu aj'iwacu, dushime bakristi, aragomba kutwihereza, akunda abiteguye neza twe turahiririwe twe turahiriwe
2. Ng'uyu Yezu aj'iwacu, ari mu gishusho. Nikwo twese turamwemera, turashimye ijambo atubwira kuko atayobeza kuko atayobeza
3. Ng'uyu Yezu aj'iwacu, yigize umwandu, w'abantu bose yapfiriye, none arabagaburira Umubiri wiwe Umubiri wiwe
Ng'uyu Yezu aj'iwacu, yavuye mw'ijuru, agira ngo tubane nawe, aduhembure adukomeze, aragahoraho Aragahoraho
5. Ng'uyu Yezu aj'iwacu, n'Umukama wacu Yezu nuduhe inema zawe, dutabaze ukwemera nyakwo, n(urukundo rwinshi, n'urukundo rwinshi
6. Ng'uyu Yezu aj'iwacu, aratwihebera, Mwami wacu turagusenga, Tuguhaye imitima yacu, nuyigabe rwose, nuyigabe yose
7. Ng'uyu Yezu aj'iwacu,twese aradukunda, Mwami na twe turagukunda, Tuzogukundisha mu bandi, Mwami w'Urukundo, Mwami w'Urukundo
8. Ng'uyu Yezu aj'iwacu, n'Umukiza wacu, Mwani twese turakuzamvye, duhe inema y'ugupfa neza, Mucunguzi wacu, Mucunguzi wacu

Ibitekerezo

Sangira uko iyi ndirimbo ifasha ishengero ryawe canke abaririmvyi.

Nta gitekerezo kirabaho. Ba uwambere gusangira.