Igikombe

Yanditswe na Chorale Sainte Famille - Adulti Cantores, IYANKUNZE Jean Claude (Perroquet)

Igiteramo Kuwa Kane Mweranda Kuzirikana Ikirundi Inota za PDF Sep 13, 2026

ivyerekeye iyi ndirimbo

ku wa kane mweranda ihinduwe amajambo ifatiye ku muziki wa H Nahokamye na korale Sainte Famille - Adulti Cantores Kinama

Amajambo y'indirimbo

Igikombe

R/ Igikombe muvugirako umuhezagiro nikwo gusangira amaraso ya kristu (bis)
1. None jeho nzosubiza iki Umukama, ku vyiza vyose yangiriye? Nzomuhereza ikarisi y'ubukiriro, kandi ninanhaze izina ry'Umukama
2. Urupfu rw'abamwishimiye Umukama yama arushima cane. Ewe Mukama, jewe ndi umusuku wawe, warankuye mu mvuto
3. Nzogushikanira igiturire co ukugukengurukira kandi ntabaze izina ryawe Mukama. Ivyo nemereye Umukama nzobikora vyose, mu maso y'abiwe bose bakoranye

Ibitekerezo

Sangira uko iyi ndirimbo ifasha ishengero ryawe canke abaririmvyi.

Nta gitekerezo kirabaho. Ba uwambere gusangira.